Trends-UK

Eminem yitwariye ikigo kigurisha impuzu zo ku kiyaga ‘Swim Shady’

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y’isanamu, Eminem yasavye ko izina riranga kompanyi yo muri Australia Swim Shady ryofutwa, asigura ko rigaragara nk’irifitaniye isano n’iryo akoresha mu muziki Slim Shady.

    • Umwanditsi, Harry Sekulich
    • Igikorwa,
  • Haciye amasaha 6

Umuririmvyi w’umunyamerika rurangiranwa mu mudiho wa ‘rap’ Eminem yashengeje mu butungane kompanyi yo muri Australia icuruza impuzu zo kwogana yitwa Swim Shady, avuga ko izina ryayo risa cane n’iryiwe akoresha mu bikorwa vy’umuziki ‘Slim Shady’.

Mu kwezi kw’icenda, Eminem – izina ryiwe ry’ukuri risanzwe ari Marshall B Mathers II – yituye ikigo co muri Amerika kijejwe gukingira amazina y’ubucuruzi no gutanga ibiranga amakompanyi US Patent and Trademark Office agisaba guhagarika izina cahaye iyo kompanyi. Amategeko ya Amerika asaba ko ico kigo kiba catanze inyishu gushika mu ndwi iza.

Ababuranira uwo muririmvyi w’umudiho wa ‘rap’ bagirije iyo kompanyi yo muri Sydney kwiha izina rishobora gutuma abakiriya baco “bibaza – kandi atari vyo – ko rifitaniye isano” na Eminem.

Mw’itangazo yahaye BBC, Swim Shady yavuze iti: ” Tuzorwanira ibikorwa vyacu mvabwenge vy’agaciro ntangere”.

Izina ry’iyo kompanyi yo muri Sydney ryanditswe mu kwezi kw’icenda muri 2023, nk’uko bimenyeshwa n’ikigo kijejwe gukurikirana amakompanyi y’ubudandaji muri Australia, ariko ubwa mbere kikaba cari catanguye citwa Slim Shade.

Ico kigo kidandaza imitaka ngendanwa yo ku musenyi [ku kiyaga], udusaho two kwogana n’ibindi vya nkenerwa vyo ku musenyi.

Mu ntango z’uyu mwaka, casavye ko izina ryaco ryokwemerwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ico gisabo caremewe, ariko mu nyuma abunganira Eminem baciye nabo batanga urwandiko rusaba ko ryofutwa.

Ico kigo cavuze kiti: ” Swim Shady ni kompanyi yo muri Australia yavutse mu ntumbero yo gutanga imitaka igezweho kandi myiza hamwe n’ibindi bikoresho bikenerwa mu kwikingira izuba”.

Inyandiko zo mu butungane zerekana ko Eminem yatanze izina ryiwe rikoreshwa mu muziki Slim Shady mu 1999 igihe yasohora urukurikirane rw’indirimbo rwitwa ‘eponymous’.

Eminem w’imyaka 53 yamenyekanye cane mu mwaka w’2000 amaze gusohora ururirimbo rwo mu mudiho wa ‘rap’ rwitwa ‘Real Slim Shady’ yiririmbanye wenyene, rwaronse agashimwe nk’igikorwa c’umuziki ciza cane c’umwaka ‘grammy’.

Abamuburanira bavuga ko iryo zina ryabaye “nk’iryihariye kandi riramenyekana cane” kandi rikaba rifatanye n’akazi k’uwo muririmvyi ko kuririmba gusa.

Ishirahamwe ry’abahinga mu bijanye n’amategeko ndangamwuga, Meyer West IP, ryo muri Sydney, ni ryo rizwi nk’iriserukira Swim Shady imbere y’amategeko.

Mu mwaka uheze, sentare yo muri Australia yafuse icemezo ca sentare cavuga ko umuririmvyikazi w’umunyamerika rurangiranwa mu mudiho wa ‘pop’ Katy Perry yahonyanze ibiranga umunyamideri w’umunya-Australia Katie Perry.

Uwo munyamideri w’umunya-Australia yadandaza impuzu kw’izina ryiwe ry’amavuko akaba yagirije uwo yaririmvye ‘California Girls’ kurenga ku mategeko ndangamwuga mu kwigana ivy’abandi igihe yagurisha ibicuruzwa mu rugendo rwiwe rwo muri 2014 muri Australia.

Katie Perry yagereranije urwo rugamba rw’amategeko n’ugutana mu mitwe hagati ya “Dawudi na Goriyati”.

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back to top button